Amakuru
27 février 2023

Ishirwa mu ngiro ry’ibikorwa vy’iterambere ry’Abatwa risaba amafaranga arenga imiliyaridi 15

Amafaranga y’amarundi arenga imiliyaridi 15 ni yo akenewe kugira umugambi wo guteza imbere Abatwa ushirwe mu ngiro. Ivyo biri mu cegeranyo c’Inama nshikiranganji yo ku wa kane mu ndwi iheze. Leta ikaba yarashinze ibikorwa bikenewe kugira iterambere ry’uwo murwi w’Abarundi ushoboke. Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa leta y’Uburundi, akavuga ko hakenewe ihimirizwa ku Batwa no ku bandi Barundi, kugira ikumirwa ry’Abatwa riranduranwe n’imizi.