Amakuru
30 juin 2023

Ishirahamwe ry’Abarundi bo mu Bubirigi risaba kutitaba inama ya CVR yo kuri uyu wa 1 Mukakaro

Ishirahamwe ry’Abarundi baba mu gihugu c’Ububirigi rihamagarira abarigize kutitaba ubutumire bw’ubuserukizi bw’Uburundi muri ico gihugu bubasaba kwitaba inama izokoreshwa n’uwurongoye umurwi w’igihugu wo kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi, CVR. Pierre Claver Ndayicariye avugwa akaba ari mu rugendo muri ico gihugu ari kumwe n’abo bakorana biteguriye kugirisha inama Abarundi baba mu Bubirigi kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 01 Mukakaro. Emery Kameya, arongoye iryo shirahamwe, asigura ko uwo murwi watakaje icizere cose kubera utabaye ugikora ivyo Abarundi bari bawitezeko nko mu gucurika ivyo wabwiwe n’umurwi umwe w’Abarundi mu vyashikiye igihugu, gutyo ntiwashobora gushika kw’ihangiro ryo kunywanisha.