Amakuru
17 août 2021

Ishirahamwe ONATEL ryagiye riratembagara bukebuke leta irorera

Ku ruhande rw’abakozi ba ONATEL, ishirahamwe ngo ryagiye riratembagara bukebuke leta irorera, ntiyagira ico ikora hakiri kare. Prime Samutoto, umukozi akongera akaba ariwe arongoye urwego mpanuzwajambo rwa ONATEL, aributsa ko abakozi bari mu bihe bigoye cane. Agasaba Leta kugira ico ikoze kugira imiryango y’abo bakozi ishobore kuva muri izo ngorane.  Nawe nyene yari umutumire mu kiganiro « Ku nama» ca Télevision Isanganiro.