Ubushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru buremeza ko ari ivy’ukuri, abakozi b’ishirahamwe ONATEL bamaze amezi 4 yose bataronswa agahembo kabo kandi ko iryo shirahamwe risa n’iryahomvye. Mu kiganiro « Ku nama » ca Télévision Isanganiro co kuri uyu wa gatandatu uheze. Anicet Niyonkuru, umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji, avuga ko bagiye kubandanya bavugira abo bakozi n’aho bitoroshe ko ibibazo vy’ishirahamwe ONATEL bitorerwa umuti.
Amakuru
17 août 2021