Amakuru
7 mars 2023

Ishirahamwe IDHB rirasaba irekurwa ryihuta ry’abakenyezi bapfunzwe hadakurikijwe amategeko

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi arakwiye kugira ico akoze kw’ipfungwa ridakurikije amategeko ry’abakenyezi batatu bahurikiye mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, hamwe n’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye. Ivyo ni ibisabwa na Carina Tertsakian, umushakashatsi mw’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, IDHB. Akaba yabivuze mu gihe buca isi ihimbaza umunsi wahariwe agateka k’umukenyezi uhimbazwa buri genekerezo rya 8 Ntwarante.