Amakuru
13 octobre 2023

Ishirahamwe FOCODE risaba leta gufata ingingo zotuma koko hubahirizwa agateka ka zina muntu

Nti kari akaryo ko kwitera amashurwe, nyabuna ni akaryo keza ku mukuru w’Igihugu kugira afate ingingo ruhasha zotuma koko hubahirizwa agateka ka zina muntu mu gihugu. Ako ni akamo k’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FOCODE, inyuma y’itorwa ry’Uburundi mu murwi wa ONU uraba ibijanye n’agateka ka zina muntu. Uwo aharanira agateka ka zina muntu abona ko amajambo y’umurwi CNIDH ahushanye n’ibiranga agateka ka zina muntu mu Burundi muri kino gihe. Janvier Bigirimana asaba umurwi CNIDH gukurikiza ibiri mu ngingo uwo murwi wihaye gushikako hako ubandanya upfukapfuka amabi akorwa n’inzego za leta.