Amakuru
4 août 2022

Ishirahamwe ACAT-Burundi ririyamiriza ubwicanyi bukorerwa abantu, mu nyuma hakavugwa ko biyahuye

Abantu 16 ni bo bamenyekanye ko bishwe, 1 aranyuruzwa, abandi 2 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, co mu kwezi kwa Mukakaro 2022. Ku bwa Augustin Nimubona, ajejwe kumenyesha amakuru muri ACAT-Burundi, abakekwa gukora ayo mabi bagizwe na bamwe mu bajejwe umutekano hamwe na bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD. Iryo shirahamwe rirahagaritswe umutima n’ibiziga biguma bitorwa bimanitse ku biti mu gihugu. Bagasaba leta kugira amatohoza kuri ivyo biziga.