Amakuru
30 décembre 2020

Ishirahamwe ACAT-Burundi riranegura ugukwega amaguru kurangwa mw’ikurikiranwa ry’imanza z’abafungiwe ivyaha vya politike

Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi riranegura ugukwega amaguru kurangwa mw’ikurikiranwa ry’imanza z’abafungiwe ivyaha vya politike. Mu matohoza  ACAT-Burundi yagize mu mabohero atandukanye, yerekanye ko ayo mabohero akirangwamwo abapfungwa bejejwe, abarekuwe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu hamwe n’abahejeje umunyororo wabo.