Agriculture
11 octobre 2023

ISABU n’abikorera utwabo bagiye gufasha mu kurwiza imbuto (Prosper Dodiko)

Mu minsi iza, intumbero nshasha zirashobora gushingwa kugira hashobore gukorwa ifumbire ikwiye kandi y’akanovera. Umushikiranganji w’Uburimyi mushasha yamenyesheje ko hari umurwi w’abahinga ugiye gushirwaho ku bw’iyo mvo. Prosper Dodiko yabivuze ku munsi wa kabiri ariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka. Akaba yanamenyesheje ko ISABU igiye gutangura gufasha kurwiza imbuto.