Amakuru
19 octobre 2023

Kuronsa amazi meza intara ya Kirundo ni nkenerwa (umushikiranganji Dodiko)

Leta izokora ibishoboka kugira ironse amazi meza intara ya Kirundo. Ivyo vyemejwe n’umushikiranganji w’Ibidukikije. Ku bwa Prosper Dodiko, ngo n’itegeko kubera baba abantu, ibikoko canke imirima, vyose bikenera amazi kugira ngo bibeho canke haboneke umwimbu. Yabivuze ku munsi wa mbere igenekerezo rya 16 Gitugutu, umusi mpuzamakungu wahariwe ugufungura.