Amakuru
13 février 2021

Iradiyo iguma ari nkenerwa ku bakwirikira amakuru na cane cane mu bihugu bitararonka ubuhinga ngurukanabumenyi buhagije

Iradiyo iguma ari nkenerwa ku bakwirikira amakuru na cane cane mu bihugu bitararonka ubuhinga ngurukanabumenyi buhagije. Igwirirana ry’ibimenyeshamakuru bikorera ku mbuga ngurukanabumenyi biza kwunganira uburyo amaradiyo ashobora gushikiriza amakuru. Ni mu gihe bamwe mu bakwirikira amakuru bibaza ko ubwo buryo bubiri busa n’ubuhiganwa mu gutanga amakuru. Uyo ni umwihwezo wa Armel Gilbert Bukeyeneza, umuhinga mu bijanye n’ubuhinga ngurukanabumenyi kuri uyu musi uburundi bwifatanya n’ayandi makungu mu guhimbaza umunsi wahariwe iradiyo.