Amakuru
5 juin 2021

Haraheze imyaka ijana iradiyo ivutse kw’isi

Haraheze imyaka ijana iradiyo ivutse kw’isi. Iryo vuka rikaba rihimbazwa itariki 01 Ruheshi buri mwaka. None inyuma y’imyaka ijana, iradiyo yahora ariyo yonyene itanga amakuru, ubu yoba ikimaze iki? Ubwo imbuga ngurukanabumenyi ntizizohava zituma iradiyo ivaho burundu? Télé Renaissance yabajije ivyo bibazo umuhinga mu bijanye n’imbuga ngurukanabumenyi Armel Gilbert Bukeyeneza, akaba ahumuriza avuga ko iradiyo ikiri nkenerwa cane. Uwo muhinga avuga ko ahubwo amaradiyo yoboneraho akaryo ko kwungukira muri izo mbuga ngurukanabumenyi.