Amakuru
28 septembre 2022

Ipfungwa ry’umushingwamanza Sandra Ndayizeye ritukisha Ubutungane bw’Uburundi

Nta mushingwamanza akwirikiranwa kubera imburano yanditse canke yavuze ariko aburanira umuntu. Bivugwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, asanzwe aburanira Muganga Christophe Sahabo mu ma Sentare mpuzamakungu. Abivuze inyuma y’aho umushingwamanza Sandra Ndayizeye aburanira Christophe Sahabo mu butungane bwo mu Burundi afatiwe agapfungwa. Gustave Niyonzima akabona ko ivyo bitukisha Ubutungane bw’Uburundi.