Amakuru
6 octobre 2022

Ipfungwa ry’umushingwamanza Sandra Ndayizeye riracapfuza ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye

Ipfungwa ry’umushingwamanza Sandra Ndayizeye rirerekana ko Uburundi ari igihugu kiri mu ntwaro y’agahotoro. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, arongoye Urunani Tournons la page-Burundi, ruharanira guhindura ingendo. Abivuze inyuma y’aho uwo mushingwamaza aterewe mu mvuto azira ko yariko aburanira muganga Christophe Sahabo yahora atwara ibitaro Kira. Janvier Bigirimana akavuga ko iryo pfungwa rinahonyanga Ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi ribuza leta gukoresha igikenye mu guhohotera abanyagihugu.