Amakuru
4 mars 2023

Ipfungwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye rihonyanga ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro

Ipfungwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye rihonyanga ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro, n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru. Bivugwa n’urunani ruhurikiyemwo Abarundi baba muri Canada, ABC. Inyuma y’aho ABC isohoreye itangazo ku munsi wa kane itariki 2 Ntwarante, ari na ho Floriane Irangabiye yari arumanije amezi atandatu apfunzwe, Appolonie Simbizi, ajejwe kumenyesha amakuru muri ABC, amenyesha ko iryo pfungwa ryerekana neza ko mu Burundi abaharanira agateka ka zina muntu badakingiwe mu kazi kabo. Appolonie Simbizi agasaba leta kurekura Floriane Irangabiye, kuko ku bwiwe, ata caha na kimwe yakoze.