Amakuru
21 avril 2022

Ipfungwa rya Muganga Christophe Sahabo rihishije imvo za politike

Ipfungwa rya Muganga Christophe Sahabo ntirikwirikije amategeko. Bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Akaba abishikirije inyuma y’aho Muganga Christophe Sahabo akwije iminsi 21 ari mu munyororo hataramenyekana ico yagirizwa. Janvier Bigirimana amenyesha ko Muganga Sahabo yoba apfunzwe kubera imvo za politike.