Amakuru
19 octobre 2022

Ipfungwa rya Floriane Irangabiye ritukisha ubutungane bw’Uburundi

Ni ibiterasoni ku butungane bw’Uburundi aho umuntu ashobora kumara hafi amezi abiri apfunzwe budashobora gutanga ivyemezo vy’ivyo yagirizwa. Umushingwamanza Janvier Bigirimana, akurikiranira hafi dosiye y’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye, anegura ko amaze ico gihe cose apfunzwe kandi atarashikirizwa umucamanza ngo yiregure. Ipfungwa ryiwe akavuga ko rihonyanga Ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.