Amakuru
9 février 2023

Ipfungwa rya Floriane Irangabiye ricafuza isura y’ubutungane bw’Uburundi

Urubanza rwaciriwe umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye rwo gupfungwa imyaka 10 rurimwo akarenganyo kuko ata vyagiriji bigaragara bihari. Uko ni ko bibonwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, IDHB, mw’itangazo ryasohoye ku munsi wa gatatu. Carina Tertsakian, umushakashatsi muri iryo shirahamwe, asigura ko abacamanza b’Uburundi baguma baca imanza zitagororotse n’aho umukuru w’Igihugu aguma yizeza Abarundi ko ubucamanza bwigenga. Uwo mushakashatsi asaba abategetsi b’igihugu kurekura uwo mumenyeshamakuru ata co yagirizwa. Akavuga kandi ko n’iyo leta yabandanya ipfunga abamenyeshamakuru, nta wundi muntu aharanira agateka ka zina muntu azokwigera yiyumvira gutaha mu gihugu.