Amakuru
24 novembre 2021

Ipfungwa rya Béatrice Nyamoya rihonyanga amategeko ajanye n’ingene imanza ziburanishwa

Amajambo yashikirijwe n’uwurongoye umurwi w’igihugu w’agateka ka zina muntu kwifatwa n’ifungwa vy’umushingwamanza Béatrice Nyamoya ngo ntabereye umurwi ufise igikorwa co gukingira agateka ka zina muntu. Urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi y’agahomerabunwa mu Burundi (CAVIB) rukamirira kure ikubagurwa harimwo n’ifungwa bihonyanga amategeko ajanye n’ingene imanza ziburanishwa. Umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye CAVIB, agatanga akarorero ko hari uduce twinshi twahonyanzwe nk’agace k’138 na 10 duha uburenganzira uwagirizwa kuronka umushingwamanza amuburanira.