Journal
1 mars 2024

Inzira y’ibiganiro ni yo ikenewe kugira umuti w’indyane mu Barundi uboneke (L. Ngendakumana)

Inzira y’intambara yari ikwiye kuba umuziro ku vyo umuntu yoba ariko arasaba vyose ko bishirwa mu ngiro. Ivyo ni ibivugwa na Léonce Ngendakumana, umwe mu banyepolitike bari mu gihugu, yigeze no kuba umukuru w’Inama nshingamateka. Léonce Ngendakumana akavuga ko Abarundi mu gihe batera umukono ku masezerano y’i Arusha, bumvikanye ko ibibazo vyose vyokwaduka mu gihugu vyotorerwa umuti ata maraso abanje guseseka, ahubwo ko boshira imbere ibiganiro. Uwo munyepolitke asaba leta gutegura inama yohuza abo bose berwa n’ibibazo bihanze igihugu kugira bicare hamwe babitorere inyishu, ngo kuko Abarundi ntibagishaka ababakwegera mu ntambara. Léonce Ngendakumana akaba abivuze inyuma y’igitero c’umuhari RED-Tabara i Buringa muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza, igitero cahitanye abantu icenda.