Amakuru
20 juillet 2024

Inzego z’ubutungane zitegerezwa kwubahiriza umwuga w’abamenyeshamakuru (Me Segatwa)

Abamenyeshamakuru nta ruhusha bakeneye kugira bakurikire urubanza rushashe icese. Ivyo bisigurwa n’umushingwamanza Fabien Segatwa. Abivuze inyuma y’aho abamenyeshamakuru b’amaradiyo Isanganiro na Bonesha babankiye kwinjira gukurikira urubanza rwa Kenny Claude Nduwimana ku munsi wa kabiri. Fabien Segatwa ahamagarira ibimenyeshamakuru kwegera inzego z’ubutungane kugira umwuga wabo wubahirizwe. Fabien Segatwa yabivugiye kuri télévision Insanganiro.