Amakuru
10 avril 2024

Inyuma y’imyaka 15, CBDDH ibandanya isaba ubutungane kw’igandagurwa rya Ernest Manirumva

Imyaka 15 irarumanye kuri iri genekerezo rya 9 Ndamukiza uwahoze ari icegera c’uwurongoye ishirahamwe OLUCOME, Ernest Manirumva, agandaguwe bunyamaswa. Urunani CBDDH ruhurikiyemwo abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, ruranegura ingene ubutungane bw’Uburundi bwitwaye kuri iyo dosiye. Eulalie Nibizi, umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe CBDDH, asaba leta y’Uburundi kwikubita agashi igahagarika ikongera igashengeza abakekwa bose kugandagura Ernest Manirumva, hisunzwe icegeranyo c’umurwi ugira gatatu w’amatohoza hamwe n’ivyasabwe n’umurwi w’amatohoza w’abanyamerika FBI.