Amakuru
6 mai 2023

Inyuma y’amezi 13 apfunzwe, Muganga Christophe Sahabo yarengutse muri Sentare nkuru ya Muha

Kuri uyu wa gatanu Muganga Christophe Sahabo yarengukishijwe ubwa mbere muri Sentare nkuru ya Muha. Umushingwamanza Gustave Niyonzima, amuburanira mu masentare mpuzamakungu, amenyesha ko urwo rubanza rwahavuye rwungururizwa ku wa 15 Ruheshi uno mwaka. Ariko ababuranira Muganga Christophe bobo basavye ko inyuma y’amezi 13 uwo baburanira apfunzwe atigera aburanishwa, Sentare ikwiye kumurekura akabandanya aburana yidegemvya.