Amakuru
12 juillet 2024

Inyishu z’indyane ziri mu buseruko bwa Congo si ingwano ahubwo ni politike (B. Keita)

Amakungu arakwiye gushigikira utwigoro two guhuza abashamiranye muri Congo turiko dukorwa na Angola. Bisabwa na Bintou Keita, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU muri Congo. Yabivugiye mu nama nkuru ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi yakoranye kuri uyu wa 8 Mukakaro yiga ku kibazo ca Congo. Bintou Keita yamenyesheje ko ikibazo kiri mu buseruko bwa Congo kizotorerwa inyishu biciye mu nzira ya politike atari inzira ya gisirikare.