Amakuru
7 juillet 2023

Inyifato ya leta y’Uburundi i Genève yerekanye ugushaka guke kwo kwubahiriza agateka ka zina muntu

Uburundi bwarerekanye isura yabwo mu kwanka gukurikirana inama y’umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu i Genève. Bivugwa na Carina Tertsakian. Ku bw’uwo mushakashatsi mw’ishirahamwe IDHB riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, iyo nyifato ngo yerekana ukudashaka kwubahiriza ingingo ngenderwako zijanye n’agateka ka zina muntu, ukudasonera uwo murwi wa ONU co kimwe n’ayandi mategeko mpuzamakungu araba ibijanye n’agateka ka zina muntu.