Abahiritse ubutegetsi ahubwo ni abarongoye igihugu uno munsi. Ivyo bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi UPD-Zigamibanga. Akaba abishikirije yiyamiriza imvugo y’umushikiranganji w’Imigenderanire n’ayandi makungu, aho ku munsi wa kabiri mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru, yasubiye kuvuga ko kugira imigenderanire n’igihugu c’Urwanda inaguke ari uko cotanga abashatse guhirika ubutegetsi mu 2015. Ku bwa Chauvineau Mugwengezo, ivyo ni ibiterasoni, kuko ubutegetsi buhari ari bwo bwahonyanze amategeko kugira bugume butwara igihugu.
Amakuru
21 août 2024