Amakuru
13 mars 2024

Intwari zitigeze zimenyekana mu rugamba rwo kwikukira kw’Uburundi (D. Gakunzi)

Bamwe mu Barundi baritanze cane mu kurondera ukwikukira kw’Uburundi, ariko ntibigeze bamenyekana. Barnabé Ntunguka, akaba ari umwe muri bo, nk’uko tubisanga mu gitabo gishasha ca David Gakunzi, umuhungu wa Ntunguka, aherutse gusohora. Mu kiganiro kigufi kimenyesha ico gitabo, Gakunzi agaruka ku nguvu se wiwe yakoresheje ari kumwe n’abandi Barundi nk’umugenzi wiwe Bigiraneza, n’ingaruka vyagize ku miryango yabo. Amenyesha ko ico gitabo yacanditse kw’iteka ry’abo bavukana bahuye n’ingorane nyinshi zivuye kuri urwo rugamba rwa se wabo.