Amakuru
19 avril 2023

Integuro y’amafaranga ya leta itegerezwa gusubirwamwo mu gushiramwo ibifungurwa vy’abanyororo

Imishahara y’abasirikare n’abapolisi, imfungurwa z’abanyororo, ivyo ni bimwe mu vyo leta isaba ko vyoja mu nteguro nshasha y’amafaranga leta izokoresha. Aho hari ku wa mbere mu Nama nshikiranganji. Nk’uko bimenyeshwa na Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa leta, iyo nama yaremeje iryo tegeko ariko ikaba yarasavye ko risubirwamwo.