Amakuru
24 février 2024

Intara zose zigiye kuzoserukirwa mu gisata c’ubuvuzi muri kaminuza (J. Niyonzima)

Intara zose zigiye guserukirwa mu gisata c’ubuvuzi muri kaminuza. Inama nshikiranganji yo ku munsi wa gatatu ku wa 21 Ruhuhuma yafashe ingingo y’uko hazokorwa ikibazo co kwinjira muri ico gisata, hanyuma hagaca hatorwa abafise amanota meza kurusha abandi mu ntara. Iyo nzira yatowe muri zitatu zizwe n’abashikiranganji, nk’uko bimenyeshwa na Jérôme Niyonzima, umuvugizi wa leta y’Uburundi.