Gouvernance
6 décembre 2023

Ingorane nyamukuru y’igisata c’amasoko ya leta ni ka mwana wa mama (Jean Claude Nduwimana)

Ibiturire na ka mwana wa mama biri mu ngorane ziri mu gisata c’amasoko ya leta mu Burundi. Bivugwa na Jean Claude Nduwimana, umuyobozi mukuru w’igisata c’amasoko ya leta. Hari mw’ihuriro rigira 15 ry’aberwa n’ibijanye n’amasoko ya leta bo mu bihugu vyo mu karere ka EAC ririko ribera mu gisagara ca Bujumbura kuva ku munsi wa mbere. Jean Claude Nduwimana amenyesha ko Uburundi bushaka gufatira akarorero ku bindi bihugu vyashoboye gutunganya neza itangwa ry’amasoko ya leta kugira ico gisata na bwo bugitunganye neza.