Amakuru
15 mars 2022

Ingingo yafatiwe amapikipiki, amakinga na tukutuku yafashwe gihutihuti

Ingingo yafashwe na leta yo kubuza abatwara amapikipiki, amakinga n’amatukutuku gushika hagati mu gisagara ca Bujumbura n’imicungararo yaco ngo iriko ishirwa mu ngiro mu buryo butari bwo. Ivyo vyashikirijwe kuri uno wa mbere na Gabriel Rufyiri, arongoye Ishirahamwe rirwanya ibiturire no gusesagura amatungo ya leta (OLUCOME). Hari mu kiganiro ku bamenyeshamakuru batunganirije hamwe n’ishirahamwe PARCEM, imbere y’uko igipolisi gihagarika ico gikorwa.