Amakuru
2 mars 2022

Ingingo ya Musitanteri wa Bukemba mu Rutana ihonyanga amategeko yo kwubaka n’Ibwirizwa shingiro

Ingingo yo kubuza abanyeshure bahevye ishure kwubaka izabo mu kiringo c’imyaka ibiri ihonyanga amategeko agenga kwubaka be n’Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi. Uwo ni umuco w’umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana, umunyamabanga mukuru w’Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS). Uwo yanonosoye amategeko akaba yiyamiriza iyo ngingo yafashwe na musitanteri wa komine Bukemba mu ntara ya Rutana mu ndwi iheze, mu ntumbero yo kurwanya iyo ngeso yo guheba amashure. Ariko rero ku bwa Jeanne d’Arc Zaninyana, ngo inyishu ni ukuyironderera ahandi, nk’akarorero kworohereza abavyeyi ingene boriha amafaranga y’ishure, no gufungurira abana kw’ishure.