Amakuru
27 avril 2023

Ingaruka zo kurondera gutwara ikiringo ca 3 zakoze ku banyagihugu no kuri Nkurunziza ubwiwe

Kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015, Abarundi bahisemwo guhagararira ukuri banka ko hakora ingimba mu gutwara igihugu inyuma y’uko Petero Nkurunziza yari ahejeje kugaragaza ko yitoza gutwara ikiringo kigira 3 abanje guhonyanga amasezerano y’i Arusha n’Ibwirizwa nshingiro. Umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize, aharanira agateka ka zina muntu, amenyesha ko bibabaje ko hagiye hakoreshwa igikenye mu kurwanya abo bose baterekwa ico kiringo. Ivyo na vyo ku bwiwe vyahavuye bikwegera igihugu mu kaga. Ingaruka, na zo ngo zabaye umurengera haba ku banyagihugu, eka mbere no ku batwara.