Amakuru
25 décembre 2021

Inama y’umutekano ya ONU niyo yonyene ifise ububasha bwo kwemeza icaha c’ihonyabwoko

Ngo urwego rwonyene rufise ububasha bwo kwemeza ko habaye icaha c’ihonyabwoko ni inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kandi ngo bishobora no kumara imyaka irenga ijana bitaremezwa. Bishikirizwa na Jean Bosco Harerimana, umuhinga mu bijanye n’ubutungane no kunywanisha. Yabivuze mu gihe kuri uyu wa mbere umurwi CVR ujejwe kurondera ukuri no kunywanisha Abarundi washikirije ko ubwicanyi bwabaye mu 1972 ari ihonyabwoko ryakorewe Abahutu.