Amakuru
9 mars 2024

Inama ya ONU y’agateka ka muntu itegerezwa guhagurukira ikibazo c’impunzi muri Tanzaniya (FOCODE)

Impunzi zo kw’isi zose, harimwo n’Abarundi, bategerezwa gufatwa kumwe. Ako kamo ni ak’ishirahamwe FOCODE. Rikaba ritera ivyatsi ingingo ryita ko ari akarenganyo ryo gutahukana ku nguvu impunzi z’Abarundi baba muri Tanzaniya. Gordien Niyungeko, umunyamabanga nshingwabikorwa wa FOCODE, ahamagarira ishirahamwe HCR n’Inama ijejwe agateka ka zina muntu muri ONU gufata ico kibazo mu minwe kugira itotezwa ry’izo mpunzi rihagarare.