Amakuru
10 juin 2021

Inama nkuru y’abepiskopi bo mu Burundi irarajwe inshinga n’umutekano w’abarundi bahunguka

Inama nkuru y’abepiskopi b’i Burundi ngo irarajwe inshinga n’ingene abarundi bahunguka babandanya batotezwa, bakanaturubikwa n’abandi barundi b’abasangwa. Ivyo tubisanga mw’itangazo rishikirizwa n’abeskopi cathorika inyuma y’inama yabahuje kuva kw’igenekerezo rya mbere gushika kurya kane Ruheshi uno mwaka. Abepiskopi bakaba biyamirije n’ubwicanyi bumaze iminsi bukorwa mu ntara zitandukanye z’igihugu. Musenyeri Bonaventure Nahimana, umwungere wa diyoseze ya Rutana akaba n’icegera c’umukuru w’inama y’abepiskopi katorika mu Burundi.