Amakuru
17 avril 2024

Inama nkuru y’abepisikopi irahagaritswe umutima n’igarukanwa ry’umugambwe umwe

Inama nkuru y’abepisikopi b’Uburundi irahagaritswe umutima n’ugushaka gusubiza igihugu mu ntwaro y’umugambwe umwe. Mw’itangazo ryasomwe ku munsi w’Imana uheruka, ishengero rya katolika rivuga ko risanga hariho abantu bacipfuza gusubiza politike y’igihugu muri kahise kabishe. Ku bwa Musenyeri Bonaventure Nahimana, umwungere wa diyoseze ya Gitega akaba n’umukuru w’iyo Nama nkuru y’abepisikopi, mwen’izo nyifato ni zo zatumye igihugu kirangwamwo indyane zidahera.