Amakuru
26 janvier 2022

Inagurwa ry’ishirahamwe ONATEL, riri mu bibazo vyizwe n’ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru

Ibinyamakuru vya leta ngo vyarafashije cane mu guhimiriza abanyagihugu mu bijanye no kuriha amakori hamwe n’ukurwanya igiturire. Vyashikirijwe na Léocadie Ndacayisaba, umushikiranganji w’Ukumenyesha amakuru. Hari kuri uyu wa mbere aho yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mezi 6 aheze. Léocadie Ndacayisaba avuga kandi ko ubwo bushikiranganji bwize ku kibazo c’ishirahamwe ONATEL n’ingene ryonagurwa.