Droits humains
1 septembre 2021

Imyidogo ni myinshi kw’ihagarara ry’ibikorwa vy’abanyagihugu kubera ivya CNDD-FDD

Amakoraniro yose ya CNDD-FDD yama atuma abanyagihugu baba aho ibirori bibereye no mu micungararo bacurwa bufuni na buhoro, bakabuzwa uburenganzira bwo kwidegemvya kugeza aho ubuzima busa n’ubwahagaze. Nivyo vyashitse ku munsi wa gatandatu uheruka, aho ibikorwa vyose vyo ku murwa mukuru w’i Muyinga vyari bibujijwe. Igitangaje n’uko iryo tegeko ryasohotse kandi ibirori biriko bibera kure y’aho, ku birometero birenga 25. Iyo ngendo FORSC ivuga ko itabereye na mba. Ernest Nkurunziza akabona bitumvikana ingene umugambwe uri ku butegetsi ubuza abantu kuja kwisumamwo, kandi arico kibatunze.