Itariki 23 Rusama 2024 imyaka icenda yari irumanye Zedi Feruzi, yari arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga, agandaguriwe muri zone Ngagara mu gisagara ca Bujumbura azize kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga, akavuga ko bibabaje gushika ubu ubutungane ata co bwigeze bukora kugira abakoze ako kabi kabishe bamenyekane, ari na co gituma bahisemwo gutaka Sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Chauvineau Mugwengezo asaba ubutungane kwikubita agashi bugakora amatohoza ku bijanye n’abantu bose bishwe bazira ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza. Ngo bitebe bitebuke abakoze ivyaha nk’ivyo vy’amaraso, ubutungane buzobakubita intahe mu gahanga.
Amakuru
24 mai 2024