Amakuru
11 janvier 2021

Imvugo y’uwurongoye umurwi CVR Petero Claver Ndayicariye nta kindi igamije atari guteranya abarundi

Imvugo y’uwurongoye umurwi CVR Petero Claver Ndayicariye ngo nta kindi igamije atari guteranya abarundi. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, yacitse kw’icumu mu bwicanyi bwakozwe n’umurwi witwaje ibirwanisho wateye mu Rumonge mu mwaka w’1972 uhiga abatutsi. Ngo uwo wese ahakana ko ico gihe hateye umurwi wahiga abatutsi co kimwe n’uwuhakana ko mu nyuma ubutegetsi bwagize uruhara mu  bwicanyi bw’abahutu, aba ariko aratamba ku muvyimba ababuriye muri urwo rwimo.