Amakuru
4 mars 2021

Imvubu, igikoko gikwiye gukingirwa

Imvubu, igikoko gikwiye gukingirwa. Akamo gaterwa n’igisata c’igihugu gishinzwe gukingira ibidukikije OBPE. Kubwa Berchmans Hatungimana, umuyobozi mukuru w’ico gisata, ibikorwa vyo kwubaka ku nkengera z’ikiyaga ca Tanganyika vyarabangamiye imvubu, bituma haba amasanganya menshi. Berchmans Hatungimana aributsa ko bibujijwe gukorera ibikorwa vyose ku metero 150 uvuye ku kiyaga Tanganyika.