Amakuru
9 mars 2023

Impunzi z’Abarundi ziri mu Buganda ziriyamiriza ababasaba gutahuka mu gihugu vyihuse

Impunzi z’Abarundi ziri mu gihugu c’Ubuganda zimenyesha ko hataragera ko zitahuka, kuko mu gihugu hakirangwa ikibazo c’umutekano muke. Bimenyeshwa n’uwuserukira izo mpunzi. Ni inyuma y’umubonano wabaye mu mpera z’indwi iheze hagati y’intumwa za leta y’Uburundi n’abaserukira impunzi. Bamwe mu bari bagize izo ntumwa harimwo Calinie Mbarushimana, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe na ba buramatari b’intara za Mwaro na Muyinga. Damien Nyabenda, aserukira impunzi, asaba ko habanza hagashirwaho ubutegetsi bwisunga amategeko, n’iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha, kugira impunzi zishobore gutahuka.