Amakuru
2 décembre 2021

Impunzi z’Abarundi ziri i Lusenda zabwirizwa kwimurirwa mu bindi bihugu

Leta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC) ngo ikwiye gukora ibishoboka vyose mu gukingira impunzi z’Abarundi ziri mw’ikambi ya Lusenda. Ivyo ni ibishikirizwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Akaba yabivuze inyuma y’itotezwa rimaze iminsi rikorerwa Abarundi bahungiye muri iyo kambi iri mu buseruko bw’ico gihugu. Agasaba ishirahamwe HCR, ryo rijejwe gukingira impunzi, gutegekanya kubimurira mu bindi bihugu.