Amakuru
17 décembre 2021

Imiryango y’ababuze ababo mw’ibohero i Gitega itegekwa kutabaza na kimwe

Ni akamaramaza kubona abantu bapfungwa bazira ko basavye kwerekwa aho ababo bashinguwe kugira ngo babahambane iteka. Bishikirizwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, aharanira agateka ka zina muntu. Yabivuze mu gihe batandatu bari mu miryango y’abo bahitanywe n’umuriro mw’ibohero rikuru rya Gitega bapfunzwe kuva kuri uyu wa mbere mu gasho k’igipolisi ka Gitega. Aratera akamo Abarundi bose ko botinyuka bakava hasi bagasaba ko abo bose bahitanywe n’uwo muriro bahambanwa iteka.