Amakuru
28 août 2024

Imirwi yose y’Abarundi irakwiye kwitaba amatora yimirije (CNEB)

Urwego rw’igihugu rw’amashengero mu Burundi ruratera akamo Abakristu kwitegurira amatora yimirije yo mu mwaka w’2025 y’abashingamateka n’ay’umukuru w’Igihugu. Révérend Pasteur Sylvestre Bizimana, umunyamabanga mukuru w’urwego rw’igihugu CNEB, ahamagarira abakenyezi n’Abatwa kwitegura imbere y’igihe kugira baze bitabe ayo matora. Ku bwiwe, Abatwa kubera gukumirwa, na bo bahavuye bikumira ; agasaba inzego za leta kubahimiriza kugira bave muri iyo nzira yo kwigunga kandi ari Abarundi nk’abandi.