Amakuru
14 février 2024

Imiliyoni 56 z’amadolari ni yo azokoreshwa mu kwagura ikivuko co mu Rumonge (J. Niyonzima)

Ikivuko co mu Rumonge kigiye kwagurwa mu minsi iza. Ivyo bikorwa bikazotwara amafaranga angana n’imiliyoni 58 z’amadolari y’Abanyamerika. Uwo mugambi wemejwe n’Inama nshikiranganji y’indwi iheze. Jerôme Niyonzima, umuvugizi wa leta, avuga ko ico kivuko kizoza gusahiriza ikivuko c’i Bujumbura. Amafaranga azokoreshwa akava mu mfashanyo y’Ibanki y’isi yose y’imiliyoni 250 z’amadolari azofasha mu rudandaza mu karere k’ibiyaga binini.