Amakuru
10 février 2022

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda izosubira kunaguka mu misi iri imbere

Ku munsi wa kabiri, Paul Kagame yarashikirije ingene imigenderanire y’Urwanda n’ibihugu bibanyi yifashe. Aho hari igihe hari hahejeje kurahira abashikiranganji bashasha ba leta y’Urwanda. Umukuru w’ico gihugu akaba yavuze ko arajwe ishinga n’igihugu ca Congo iharanira demokarasi, ariko yereka icizere kinini kuvyerekeye Uburundi.