Amakuru
11 janvier 2022

Ikimenyetso ca EACPass kizofasha kugira urudandaza rwo muri Afrika y’ubuseruko rubandanye

Leta yari ikwiye guhimiriza abanyagihugu kwicandagisha kuko bizogira ingaruka muvy’ubutunzi, ndetse na politike mu gihe ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko bizoramuka vyemeje umugambi wo gushiraho ikarata izofasha muvy’uruja n’uruza ku mipaka (EAC Pass). Ni akamo gaterwa na Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’amagara y’abantu. Yabivuze mu gihe umunyamabanga mukuru wa EAC yavuze ko ategekanya gukoranya inama kuri uyu wa mbere n’abashikiranganji b’ibihugu bigize EAC ifise intumbero yo gushira mu ngiro umugambi w’iyo EAC Pass.