Amakuru
18 juin 2021

Ikigo mpuzamakungu Maison Shalom cahimbaje umunsi wahariwe umwana w’umunyafrika kiri kumwe n’ibibondo vy’abarundi bahunze igihugu

Mu mwaka w’1976 akaba ariho hagandagugwa abana bo mugisagara ca Soweto mu gihugu ca Afrika y’epfo bishwe n’intwaro karyanisha miryango yariho ico gihe. Ikigo mpuzamakungu Maison Shalom kikaba cahimbaje uwo munsi kiri kumwe n’ibibondo vy’abarundi bahunze igihugu. Maragarita Barankitse yashinze ico kigo, akamenyesha ko bahimbaza uwo munsi bibuka ibibondo vy’Abarundi vyagandaguwe n’intwaro mbi ya CNDD-FDD.